Mw’itangazo washize ahabona kuri uyu wa kabiri , Umuhari RED-TABARA umenyesha ko witeguriye kuganira na Leta y’uburundi .RED-TABARA ikaba yabishikirije inyuma yaho Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye ahamagariye uwo muhari gutahuka mu gihugu maze bakitegurira hamwe amatora y’abashingamateka yo mu 2025 hamwe n’ay’umukuru w’igihugu yo mu 2027.
Mw’iryo tangazo ryasohowe na RED-TABARA, Uwo muhari mu kwishura ivyaheruka gushikirizwa na Perezida Ndayishimiye kubijanye nuko RED-TABARA yotahuka maze ikitegurira amatora yo mu 2025 hamwe no 2027, umenyesha ko kugira ivyo bikunde n’uko inzego z’umutekano zizewe na bose zoshirwaho hamwe rero n’itunganywa ry’amatora meza atagiramwo ubusuma maze umunyagihugu w’umurundi ace urubanza.