Sunday, January 29, 2023
HomeInternational newsRDC:Sendugu Museveni yiyonkoye kuri M23 avuga ko we n’umuhari wiwe bagire barwanye...

RDC:Sendugu Museveni yiyonkoye kuri M23 avuga ko we n’umuhari wiwe bagire barwanye M23.

Muri M23 , havurwa abiyonkoye mw’uwo muhari. Kuwa 23 Munyonyo 2022 niho bashinga uwundi muhari mushasha witwa PARECO/FF (résistants Patriotes Congolais/ Force de frappe). Sendugu Museveni arongoye PARECO/FF avuga ko intumbero yabo ari iyo kurwanira igihugu mu gutuza imihari yose y’iterabwoba harimwo na M23 na ADF. Uwo muhari ukaba wavukiye muri teritwari ya Masisi , mu buraruko bw’intara ya Kivu , mu buseruko bwa Congo.

Mw’itangazo washize ahabona mw’iy’indwi twaraye tusozereye, PARECO/FF yemeza ko igiye kwisunga ibwirizwashingiro ry’igihugu ca Congo rya 68 , rihamagarira umunyagihugu wese w’umukongomani ko afise uburenganzira ndetse agategerezwa no kurwanira igihugu mu bwigenge bwaco mu gihe coba gitewe canke kivogerewe n’umwansi aturutse hanze y’igihugu.

Uwo muhari waraye uvukiye ,uri teritwari ya Masisi wagiriza umuhari M23 ko ufata ku nguvu abigeme n’abakenyezi , ukica hamwe no kwigarurira agataka k’igihugu amakungu aguma yirabira hirya. Sendugu Museveni agahamagarira kandi n’iyindi mihari yose yafashe ibirwanisho yo mu gihugu ca Congo ngo baje hamwe “mu gutuza umwansi w’amahoro muri Congo mu ntumbero yo gushigikira Leta ya Congo mu mugambi wayo wo gutuza imihari yose ikora iterabwoba ishigikiwe n’ibihugu vy’urwanda na Ouganda”

Must Read

Urwanda rumenyesha ko umwansi umwe rudende rufise mu karere ari Congo...

0
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’urwanda yemeje ko muri aka karere ,igihugu c’urwanda gifise umwansi umwe rudende ari we Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo....