Ingabo za ONU zijejwe kubungabunga amahoro mu buseruko bwa Congo MONUSCO zaraye zitangaje kuri uyu w’Imana ko indege yabo ya kajugujugu yarashwe n’abantu bataramenyekana , maze umuntu umwe ahasiga uwundi nawe arakomereka bikomeye.
Nkuko tubisanga mw’itangazo ryashizwe ahabona ku rubuga rwa Twitter rwa MONUSCO, Iyo ndege yarasiwe mu kirere n’abantu bataramenyekana imbere y’uko igera mu gisagara ca Goma. Umwe mu basirikare bayo bayirimwo arapfa , ariko ko yashoboye kurwa ku kibuga c’indege ca Goma.
MONUSCO yateye ivyatsi iraswa ry’iyo ndege ifise icapa c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU , kandi ivuga ko yiteguye gukora ibishoboka vyose irikumwe n’ubutegetsi bwa Congo kugira abarashe iyo ndege bazoshengezwe mu butungane.
Iyo ndege ya kajugujugu ya MONUSCO yariko iva mu karere ka Beni mu ntara ya Kivu y’uburaruko yerekeza mu gisagara ya Goma, kiri muri iyo ntara. Ikaba yakororewe mu karere ka Nyiragongo ni muri kivu y’uburaruko.