Thursday, December 1, 2022
HomeInternational newsRDC:M23 itangaza ko ititeguriye gusubira inyuma kuko imyaka bamaze mu buhungiro ikwiye.

RDC:M23 itangaza ko ititeguriye gusubira inyuma kuko imyaka bamaze mu buhungiro ikwiye.

Umuhari M23 uvuga ko ivyo gusubira inyuma bidashoboka, Ni inyuma yaho inama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere yabereye i Luanda kuri uyu wa gatatu ifatiye ingingo yuko M23 isubira mu birindiro vyayo vyakera.

M23 ivuga ko amakosa yakorewe mu mwaka wa 2013 atazongera gusubira kuba , ayo nayo ajanye nuko uwo muhari wategetswe kuva mu gisagara ca Goma ku mvo y’ibiganiro , maze ngo inyuma y’amezi atatu, ishirahamwe MONUSCO rica ritangura kubateragirako amabombe. M23 ikavuga ko idashobora gusubira inyuma nkuko baraye babitegetswe n’inama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere, Uwo muhari ugasigura ko imyaka bamaze mu buhungiro imaze ko baje iwabo batarota basubira inyuma ndetse bibaye ngombwa bazokwemera gupfira mu mihana iwabo.

Mw’itangazo ryasohowe kuri uyu wa gatatu n’abo bakuru b’ibihugu, havurwamwo ko M23 isabwa guhagarika ibitero ku ngabo za Leta ya Congo mu ntara ya kivu y’uburaruko , bitangeze ukwo naho ingabo z’akarere za EAC zikabagabako ibitero nsindamusiga.

Must Read