NEWS

RDC:Bigiye kunyuka hagati ya Ekereziya Gatorika na Reta ya Joseph KABILA

By

on

Ishengero rya Ekereziya Gatorika ryo mu gihugu ca Reta iharamira intwaro rusangi ya Kongo yatangaje ko kuva kw’igenekerezo rya 25 Ruhuhuma uyu mwaka wa 2018 ko igiye gukora iyindi myiyerekano isaba umukuru w’igihugu Joseph Kabila KABANGE kuva k’ubutegetsi.

Nk’uko tubikesha ikinyamakuru Jeune Afrique,Ekereziya Gatorika yaho muri Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo ribicishije mu murwi nshingwabikorwa waryo yamenyesheje ko kuva kw’igenekerezo rya 25 Ruhhuma uyu mwaka nimba bazoba bari mu gihugu canke hanze y’igihugu bagiye guhagurukira rimwe bagwanye akarenganyo ata gushira imbere inyungu z’idini canke za poritike.

Bivugwako iryo tangazo ryasohotse inyuma y’amasaha 4 imisa yo kwibuka abapfiriye mu myiyerekano iheruka kw’igenekerezo rya 21 Nzero 2018 iheze.

Igiporisi ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo kiri guhungabanya imyiyerekano ya Ekereziya Katorika

Umurwi ujejwe ivy’agateka ka zina muntu murico gihugu yamenyesheje ko abantu 11 aribo bapfuye mu myiyerekano yo kuwa 31 Kigarama 2017 hamwe niyo ku wa 21 Nzero 2018 ariko Reta yagumye ihakana ivyo bitigiri.

Muri ryo tangazo,Ekereziya Gatorika yasavye umukuru w’igihugu ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo gutangaza kumugaragaro ko atazokqitoza mu matora ategekanijwe.

Ekereziya Gatorika yasavye kandi ishirahamwe mpuzamakungu ONU,ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afirika UA hamwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya UE yave mu majambo kugira yashire mu ngiro ibihano vyafatiye ico gihugu.

Imyiyerekano iheruka yatunganijwe mu kwezi kwa Kigarama umwaka uheze hamwe na Nzero muri 2018 aho abantu barenga 10 bahasize ubuzima.

Joseph Kabila KABANGE yabaye umukuru w’igihugu kuva mu mwaka wa 2011 ikiringo ciwe ca Kabila gihera mu mpera za Kigarama 2016.

Amatora ategekanywa kuzoba muri Kigarama uyu mwaka wa 2018.

Recommended for you