Sunday, March 26, 2023
HomeInternational newsRDC: Urwanda rwagirizwa «ivyaha vyo mu ntambara» inyuma yaho hari ishure isenyuwe...

RDC: Urwanda rwagirizwa «ivyaha vyo mu ntambara» inyuma yaho hari ishure isenyuwe iteweko igisasu.

Inyuma yaho abategetsi b’urwanda bagirije igisirikare ca Congo (FARDC) gutera ibisasu vya rokete ku butaka bw’ico gihugu, Ivyo FARDC yahavuye ihakana ko atariyo yabikoze, Igihugu c’urwanda naco caraye cagirijwe kuri  na Kinshasa gukora «ivyaha vyo mu ntambara» inyuma yaho kuri uyu wa gatanu ishure riri ahitwa i Buhumba  muri teritware ya Rutshuru risambuwe n’igisasu FARDC ivuga ko caje gituruka ku butaka bw’urwanda maze gica gihitana abanyeshure babiri umwe w’imyaka 6 hamwe n’uw’imyaka 7.

Mw’ico cuka kibandanya kimera nabi hagati ya Congo n’urwanda, Igisirikare ca Congo kibandanya kimenyesha ko ata gukekeranya igisirikare c’urwanda (RDF) kiriko gishigikira umuhari M23. FARDC ikavuga ko ifise ivyemeza bitabesha vy’amasamu yafatiwe mu kirere hakoreshejwe za ndege zitagira abadereva bita «drones» mu rurimi rw’igifaransa aho ayo masanamu yerekanye abasirikare ba RDF bangana 500 bari ku butaka bwa congo  mu micungararo ya Tchanzu.

 

 

 

Must Read