Wednesday, February 8, 2023
HomeNewsRDC: Umwe mu bashingamateka atabaza ONU kugira ihagarike ubwicanyi buriko bukorwa n-igisirikare...

RDC: Umwe mu bashingamateka atabaza ONU kugira ihagarike ubwicanyi buriko bukorwa n-igisirikare c-uburundi.

Umwe mu bashingamateka ba Congo iharanira demokarasi ya Congo yaye yandikiye umunyamabanga mukuru wa ONU amusaba  kugira ahagarike ubwicanyi n-ayandi mabi biriko bikorwa n-igisirikare c-uburundi birikumwe n-urwaruka rw-imbonerakure, rwegamiye Umugambwe CNDD-FDD.Attack Paralyzes Daily Life In DRC's South Kivu Province

Igihugu c-uburundi ngo nico kiriko gikora ubwicanyi ku banyagihugu batagira gitabara bo mu bice vya Uvira, Fizi hamwe na Mwenga mu ntara ya Kivu y-ubumanuko. Biri mu rwandiko rwaarungitswe kuri uyu wa mbere Ruhuhuma 2022 n-umushingamateka Claude Misare Mugomberwa. Muri urwo rwandiko, Mugomberwa aratabaza ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku vyaha vy-agasomborotso biriko bikorerwa mu gihugu aturukamwo.

Uwo mushingamateka avuga kandi ko inteko za gisirikare c-uburundi ziri ku butaka bwa Congo zakoze ivyaha bijanye n-ihonyangwa rijanye n-agateka ka zina muntu atacamira kuva kw-igenekerezo rya 19 kigarama 2021 gushika kuwa 31 Nzero 2022.  Mu ma kopi yarungikiye inzego zitandukanye nyobozi z-ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n-abakuru b-ibihugu vya Republika iharanira intwaro rusangi hamwe n-uburundi , umushingamateka Claude Misare Mugomberwa amenyesha ko Leta y-uburundi yavogeye ubutaka bw-ico gihugu ca Congo ikabuhindura urubuga rw-intambara yitwaje ko iri gukwirikirana umuhari w-abarwanyi RED-TABARA hamwe n-iyindi mirwi y-abarundi iri k-ubwo butaka bwa Congo.

Uwo aserukira abanyagihugu ba Congo avuga kandi ko ababazwa cane kw-iyo ntambara itagira izina iriko iraba kandi Leta ya Congo ntitabare ndetse n-amakungu aserukiwe n-umurwi MONUSCO bakaguma mu gacerere arorera ivyo vyaha bikorerwa abakongomani. Ikindi naco, urwo rwandiko ruragiriza Leta y-uburundi kiriko iratunganya kwinjiza abasirikare babwo hamwe  n-imbonerakure  barenga ibihumbi  bitandatu mu ntumbrero yo gushigikira imirwi y-abarwanyi b-aba congomani  nkiyitwa Gumino, Twirwaneho wa Colonel Makanika hamwe na Sematama. Kandundura, abo basirikare b-uburundi baramaze kwigarurira agace ka Masango kari mu karere k-abakongomani b-abavira aho ndetse hamaze no gushingwa ibendera ry-uburundi kuva kuwa 27 Nzero 2022.

Urwo rwandiko rukaba kandi rwemeza ko kuva kuwa 19 Kigarama 2021 gushika kuwa 31 Nzero 2022 , ibitigiri vy-abamaze kwicwa n-abasirikare b-uburundi hamwe n-ibintu vyononekaye bingana n-abanyagihugu 70 bishwe hamwe rero n-ibisagara 17 vyaturiwe , ibitungwa bitari bike vyaribwe hamwe rero n-abarongoye ubwoko butandukanye bw-abakongomani barenga cumi bamaze kugandagurwa.

Mu gusozera urwo rwandiko, Claude Misare Mugomberwa asaba ko hotunganywa amatohoza yigenga kandi yihuta y-abahinga b-ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu ntumbero yo kwerekana abagize ivyo vyaha hamwe no gushengeza imbere y-ubutungane . Inama nkuru y-umutekano ya ONU  nayo isabwa gufatira ibihano abategetsi b-uburundi bagirizwa kuza kuvogera ubutaka bwa Congo no guhasha ivyo vyaha vyenyuje.

 

 

Must Read

Ifaranga ry’uburundi ribandanya rita agaciro uko bukeye uko bwije.

0
Amazu yo kuvunja ammafaranga mvamakungu amaze imisi ashira ahabona ibiciro vy’ayo mafaranga ukwo avunjwa. Ikihaye kiboneka nuko ifaranga ry’uburundi ririko rita agaciro ku rugero...