Umukuru w’igihugu ca Congo, Félix Tshisekedi yagiriza igihugu c’urwanda kuba kiriko kidurumbanya ubuseruko bwa Congo kuberako ico gihugu gishaka kwigarurira amatongo afise ubutunzi bwo mu kuzimu nk’inzahabo, Coltan na Cobalt maze ico gihugu kikabikora ku nyungu zaco. Perezida Tshisekedi yavyiganiye ikinyamakuru New York Times.
Perezida Tshisekedi ati: «Umutekano mu buseruko bwa Congo ubandanya uhungabana kuruta kubera ko urwanda rurondera kwigarurira amatongo yacu atunze inzahabu, Coltan na Cobalt kugira buyigarurire ubwabwo ndetse no kunyungu yabwo»
Umukuru w’gihugu ca Congo Félix Tshisekedi abitangaje mu gihe umuhari M23 ukomeje ukora ibitero nsindamusiga mu ntara ya Kivu neza na neza muri teritware ya Rutshuru aho ndetse umaze kwigarurira uburere butari buke harimwo n’umuji wa Bunagana.
Icuka hagati ya RDC n’urwanda kibandanya kandi kimera nabi ni inyuma yaho ejo kuwa gatanu igipolisi c’urwanda kirasiye ku mupaka ugabura ivyo bihugu umusirikare wa FARDC ni mu gihe yari ahejeje kurasa abapolisi b’urwanda co kimwe n’ingenzi zariko zirengana kuwo mupaka maze niho umwe mw’abo bapolisi yaca arasa uwo musirikare wa FARDC aca arapfa ubwonyene kugira akingire abandi ntibahave baraswa nkuko biri mw’itangazo igisirikare c’urwanda (RDF) casohoye ejo kwa gatanu.