Umuhari M23 watangaje kuri uyu wa gatanu ko watanguje intambara mu bice bitandukanye vya Congo , intambara itandukanye nuko uwo muhari warumaze imisi urwana n’igisirikare ca Congo, FARDC.
Ibi bitero M23 utangaje ko utanguye gukora bije inyuma y’amezi atatu ahaciye abarwanyi b’uwo muhari bafashe ibice bitandukanye vyo muri teritware ya Rutshuru mu nyuma uwo muhari ugatangaza ko uhagaritse ibitero maze ugasubira inyuma mu birindiro vyawo.
Umuvugizi wa M23 , Willy Ngoma yiganiye ikinyamakuru IGIHE aho bagejeje ibitero , yabivuze uku:«Imirwano irakomeye tumaze kwigarurira uduce twa Kayange na kashiru. Abasirikare ba FARDC bahungiye i Kanombe hafi y’umupaka wa Uganda. Muri uyu mwanya intambara iratanguye»
M23 igasaba Leta ya Congo gushira mu ngiro amasezerano bagiranye mu mwaka w’2013 aho uwo muhari uvuga ko abarwanyi bawo batashizwe mu ngabo za Leta canke ngo basubizwe mu buzima busanzwe nkuko vyari vyemeranijwe mu masezerano n’ubundi burenganzira basabira abakongomani bavuga ikinyarwanda.