Thursday, December 1, 2022
HomeInternational newsRDC: M23 imenyesha ko yakoroye indege ya FARDC yarigufasha kurwana i Kabindi.

RDC: M23 imenyesha ko yakoroye indege ya FARDC yarigufasha kurwana i Kabindi.

Umuhari M23 urwanya Leta  ya Congo wamenyesheje ku kagoroba ko kuri uyu wa gatanu ko wakoroye indege ya kajugujugu y’igisirikare ca FARDC mu karere kahitwa i Kabindi ni igihe iyo ndege yariko ifasha FARDC mukurwanya abarwanyi ba M23 mw’ako karere. Igisirikare ca FARDC ntaco kiravuga kw’ayo makuru y’iyo ndege yaco yakorowe.Image

Gushika isaha indwi zo kumuhingamo wo kuri uyu wa gatanu,  Kuva ku kiraro Rwanguba gushika mu karere ka Kabindi yari M23 yarihagenzura. Ubundi burere nka: Mungo, Kigote, Gitovu buka nabwone bwahavuye burwa mu minwe y’abarwanyi ba M23.

Mw ‘itangazo ryashizwe ahabona na M23 kuri uyu wa gatanu, Major Willy Ngoma avugira uyo muhari yamenyesheje ko abarwanyi biwe mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu bigije inyuma ibitero vya FARDC irikumwe n’umuhari FDLR urwanya Leta y’urwanda.  Mw’aka kagoroba ko kuri uyu wa gatanu, Amakuru yariko avurwa nuko Umuhari M23 uriko urwana cane kugira wigarurire umuji wa Rutshuru.

 

Must Read