Tuesday, February 7, 2023
HomeInternational newsRDC: M23 ifise ibirwanisho vyo kurwego ruhanitse ,igaragara nk'igisirikare cikwije (ONU).

RDC: M23 ifise ibirwanisho vyo kurwego ruhanitse ,igaragara nk’igisirikare cikwije (ONU).

Umutegetsi wa ONU mu gihugu ca Congo yaraye amenyesheje kuri uyu wa gatatu ko umuhari M23 urwanira mu buseruko bwa Congo ko ufise ibirwanisho vyo kurwego  ruhanitse ko ubangamiye umutekano w’abasivire. Ikindi ngo nuko uwo muhari wagaragaye mu ntambara imaze imisi iriko iraba nk’igisirikare cikwije hakuba umurwi w’abitwaje ibirwanisho.Image

Umupfasoni Bintou keita  atwara umurwi wa ONU mu kubangabunga amahoro  muri Congo  MONUSCO, yabwiye inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano  ko M23 ifise inkoho zikomeye , ibisasu vyo morotiye, hamwe n’ibirwanisho bidahusha iyo hageze gukorora indege.

Tubamenyeshe ko umuhari M23 wari waratsinzwe n’igisirikare ca Congo FARDC gifadikanije n ‘inteko za MONUSCO mu mwaka wa 2013. Niho mu kwezi kwa cumi na kumwe umwaka wa 2021 uwo muhari wongeye gusubira kwisuganya nkuko biri mu cegeranyo c’abahinga ba ONU bari muri Congo baheruka gusohora muri uku kwezi kwa Ruheshi.

Must Read