INTERNATIONAL NEWS

RDC: Joseph KABILA yifatiye mu gahanga igihugu c’Ububirigi na Ekereziya Katorika y’ico gihugu.

By

on

Inyuma y’imisi mike iheze hatunganijwe imyiyerekano mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yahitanye ubuzima bw’aantu,umukuru w’igihugu Joseph KABILA yaravuye mu gacerere aratanga ikiganiro ku bamenyeshamkuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 26 Nzero 2018.

Muvyo yashikirije,Joseph KABILA yifatiye mu gahanga igihugu c’Ububirigi aho yamenyesheje ko ata kintu gifise co kwigisha igihugu kuko batakari mu gihe c’ubukoroni.

Murico kiganiro Joseph KABILA yasavye ishengero rya Ekereziya Katorika yo murico gihugu kutivanga muri poritike.

Ivyo yagarutse cane n’ibijanye na kahise k’ico gihugu kuva atangura gutwara ico gihugu gushika ubu ko hari vyinshi vyahindutse.

Kubijanye n’ingabo mpuzamakungu ziri kugarukana amahoro n’umutekano murico murico gihugu (Monusco),Joseph KABILA yamenyesheje ko izo ngabo ata kintu na kimwe kiboneka zirakora c’akamaro kuva zishitse murico gihugu.

Joseph KABILA KABANGE yatanguye gutwara igihugu ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo mu mwaka w’i 2001 ubu akaba amaze imyaka 17 k’ubutegetsi ,yabaye umukuru w’igihugu inyuma yaho se wiwe yatwara ico gihugu Laurent DESIRE KABILA yishwe arashwe.

Ubu haciye umwaka umwe urenga ikiringo ciwe ca kabiri kirangiye ariko ico gihugu kikaba carananiwe gutunganya amatora,muri Reta basiguye ko ata mafaranga akwiye yashoboye kuboneka kugira atunganywe.

Kuva ico kringo ciwe ca kabiri kirangiye hagiye hatungwanywa amanama ahuza abanyeporitike batandukanye ariko ntaco vyashitseko,ubu haheruka gutunganywa imyiyerekano yo kumusaba ko yova k’ubutegetsi abantu batari bake bakaba barahasize ubuzima.

Amatora ategekanywa kuba kw’igenekerezo rya 23 kigarama uyu mwaka wa 2018 ariko gushika ubu bikaba bitaramenyekana ko umukuru w’igihuguJoseph KABILA azokwitoza.

Recommended for you