Sunday, January 29, 2023
HomeInternational newsRDC: Indege yagisirikare Sukhoi-25 yarashwe misile n’urwanda igihe yinjira mu kirere carwo.

RDC: Indege yagisirikare Sukhoi-25 yarashwe misile n’urwanda igihe yinjira mu kirere carwo.

Igisirikare c’urwanda carashe ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri indege Sukhoi-25 y’igisirikare ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Ni mugihe iyo ndege yari yinjiye mu kirere c’urwanda mu karere ka Rubavu.

Amakuru atangwa n’ibinyamakuru bitandukanye vyo muri Congo amenyesha ko iyo ndege yarashwe ibisasu bibiri binini binini maze iza kuzimirizwa mu gisagara ca Goma. Abategetsi ba Congo ndetse n’igisirikare c’ico gihugu ntaco baragira ico bashikiriza kw’iryo raswa ry’iyo ndege yo mu ntambara.

Tubamenyeshe ko hari haciye incuro zibiri , Leta y’urwanda itangaza ko Igisirikare ca Congo gikoresheje iyo ndege y’ubuhizi kiguma kivogera ubutaka bwayo, ivyo yafashe ko ari agasomborotso iriko ikorerwa na Leta ya Congo.

Umubano hagati y’ivyo bihugu bibiri bibanyi umaze igihe umeze nabi kuva aho aho Leta ya Congo yagirije Urwanda kuba ruriko rufasha umuhari M23 mu gutera mu buseruko bwa Congo.

Must Read

Urwanda rumenyesha ko umwansi umwe rudende rufise mu karere ari Congo...

0
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’urwanda yemeje ko muri aka karere ,igihugu c’urwanda gifise umwansi umwe rudende ari we Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo....