Mu mirwano iriko ibera muri Kivu y-ubumanuko (muri Republika ya Congo iharanira intwaro rusangi) imaze igihe ihuza igisirikare c-uburundi n-abo barikumwe ku ruhande rumwe hamwe n-umuhari RED-TABARA ku rundi ruhande yoba imaze kwaka ubuzima abasirikare b-uburundi batari bake barikumwe n-urwaruka rw-imbonerakure rwegamiye umugambwe CNDD-FDD.
Kubw-amakuru dukesha ikinyamakuru Sos Médias Burundi candikira ku rubuga ngurukanabumenyi , nuko abasirikare icenda b-abarundi harimwo n-intwazangabo barishwe mu gice ca Kiryama , muri gurupema ya Kigoma (kivu y-ubumanuko) ahabandanya itana mu mitwe kuva mu mpera y-indwi twasozereye hagati y-igisirikare c-uburundi n-umuhari RED-TABARA usanzwe ucumbitse mw-ako karere.
«Twabonye ibiziga icenda bitekeye mu magunira vyikorewe hakoreshejweibiti. Abasirikare ni bo bonyene bari muri ivyo bibanza» niko isoko mu gipolisi ryabwiye ikinyamakuru Sos Medias Burundi. Iryo soko mu gipolisi ribandanya rivuga ko abandi basirikare barikumwe n-urwaruka rw-imbonerakure baguye mw-izo ntambara bahambwe aho nyene muri Congo.
Nkuko tubandanya tubikesha Sos Medias Burundi, Uwujejwe intwaro wo mu gice cabereyemwo iyo mirwano yemeza ko zimwe mu mbonerakure zafashwe mpiri zijanwa inyagano muri ico gitero cabaye mu ndwi iheze. Uwo mutware abandanya atomora ko hari n-abasivire munani biciwe mw-iyo mirwano, abandi benshi barata ingo zabo bahungira mu mashamba.
Abanyagihugu bo mu ntara ya Cibitoke aho bita i Nyamitanga basanzwe begereye uruzi Rusizi bamenyesha ko batewe uruhagara n-uruja n-uruza rw-abasirikare b-uburundi bikoreye ibiziga bije bivuye muri Congo.
Naho habandanya havurwa abasirikare b-uburundi baguma basiga ubuzima mw-izo ntambara, Igisirikare c-uburundi giheruka gutangaza ko kibeshuje amakuru amaze imisi avurwa ko hari abasirikare baco bari ku butaka bwa Congo. Umushikiranganji wo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba yasiguye ko kugira abasirikare baje mu kindi gihugu hisungwa amategeko ndetse hakabanza kubaho amasezerano ko kandi biba ku mugaragaro. Alain-Tribert Mutabazi yabitangaje igihe yariko ashikiriza ivyaranguwe n-ubushikiranganji arongoye mu iringo c-amezi atandatu.