Mw-ijoro ryo kuruwu wa gatandatu ushira umusi w-Imana niho hatangura gucanako amasanamu yerekana iruka ry-ikirunga Nyiragongo aho mu kirere hose h-umuji wa Goma haciye hasa n-ibara ry-umucungwe.
Ibihumbi n-ibihumbi vy-abanye Goma baciye batangura guhungana n-utwabo bamwe berekeza mu burasirazuba neza na neza k-umupaka uhana urubibe n-igihugu ca congo hamwe n-u Rwanda. Ariko abari bahunze nka bose kuva mu gatondo ko kuruwu w-Imana batanguye gusubira mu mihana iwabo inyuma yaho ico kirunga gihagaritse kuruka mw-ijoro ryakeye.
Tubibutse ko ico kirunga ca Nyiragongo caheruka guturika bikomeye mu mwaka w-2002 aho cononye ibintu vyishi hagapfa abantu 250, abandi bagera ku 120.000 basigara bifumbereje ata kintu bafise bikorako ndetse batagira naho baba.