Sunday, March 26, 2023
HomeInternational newsRDC-GOMA: Iturika ry-ikirunga Nyiragongo ryatumye abantu babarirwa mu bihumbi bahunga umuji...

RDC-GOMA: Iturika ry-ikirunga Nyiragongo ryatumye abantu babarirwa mu bihumbi bahunga umuji wa Goma.

Mw-ijoro ryo kuruwu wa gatandatu ushira umusi w-Imana niho hatangura gucanako amasanamu yerekana iruka ry-ikirunga Nyiragongo aho mu kirere hose h-umuji wa Goma haciye hasa n-ibara ry-umucungwe.DRC orders evacuation of Goma after Nyiragongo volcano erupts | Democratic  Republic of the Congo | The Guardian

Ibihumbi n-ibihumbi vy-abanye Goma baciye batangura guhungana n-utwabo bamwe berekeza mu burasirazuba  neza na neza k-umupaka uhana urubibe n-igihugu ca congo hamwe n-u Rwanda. Ariko abari bahunze nka bose kuva mu gatondo ko kuruwu w-Imana batanguye gusubira mu mihana iwabo inyuma yaho ico kirunga gihagaritse kuruka mw-ijoro ryakeye.

Tubibutse ko ico kirunga ca Nyiragongo caheruka guturika bikomeye mu mwaka w-2002 aho cononye ibintu vyishi hagapfa abantu 250, abandi bagera ku 120.000 basigara bifumbereje ata kintu bafise bikorako ndetse batagira naho baba.

Must Read