Umuhari M23 watangaje ko kuva mu gatondo ko kuri uyu wa mbere umuji wa Bunagana , uri ku mupaka wa Congo na Ouganda uri mu minwe y’abarwanyi b’uwo muhari. Ni inyuma yaho abasirikare ba Congo( FARDC) bahisemwo kuyanyaga batarwanye maze bahungira muri Ouganda.
Umuvugizi wa M23, Major Willy Ngoma yabwiye iradiyo BBC :« Yose (Bunagana) nta kuvanaho na hamwe , twayifashe». Igisirikare ca Leta co kimwe n’abategetsi ba Congo ntaco barashima kugira ico bavuze kw’iryo fatwa rya Bunagana.
Umuvugizi w’ingabo za Ouganda yabwiye BBC ko Abasirikare ba FARDC bahungiye muri ouganda bagera kuri mirongo ko kandi bakiriwe bagashirwa mu bigo vya gisirikare biri hafi y’umupaka wa Bunagana.
Tubibutse ko umuji wa Bunagana waheruka gufatwa na M23 mu mwaka wa 2012 aho yawifashishije mu kugaba ibitero vyahavuye bishika mu muji wa Goma.