Sunday, March 26, 2023
HomeInternational newsRDC: EAC yategetse M23 kuba yavuye mu burere bwa Rumangabo na Kishishe...

RDC: EAC yategetse M23 kuba yavuye mu burere bwa Rumangabo na Kishishe hatarenze kuwa 5 Nzero.

Ingabo z’akarere ka EAC zarategetse kuri uyu wa 31 Kigarama 2022 umuhari M23 kuba wavuye mu burere bwa Rumangabo na Kishishe , muri teritwari ya Rutshuru hatarenze kuri uyu wa 5 Nzero 2023.
Izo ngabo zirikumwe n’abagize umurwi CIRGL zabitangaje mu kiganiro zahaye abamenyeshamakuru aho zemeje ko umuhari M23 wavuye mu karere ka Kibumba.

Mw’iryo tangazo, Ingabo za EAC zirongowe n’umunyakenya Gen. Jeff Nyagah zamenyesheje ko zatunguye gushikira akarere ka Kibumba.
Bariko babwira impande ziri mu matati, Ingabo za EAC hamwe n’ishami rya CIRGL basavye ingabo za Congo, FARDC hamwe n’umuhari M23 kwubahiriza amasezerano yo guhagarika intambara , yasabwe mu biganiro vy’amahoro vy’i Luanda [Angola] na Nairobi [Kenya].

Bakaba baciye basaba abagiraneza kuza gufasha ibihumbi n’ibihumbi vy’impunzi zo mu karere ka Kibumba, ziguma ziyerera mu micungararo ya Goma hamwe no mu bundi burere bwo mu ntara ya Kivu y’uburaruko.

Must Read