Kuri uno w’Imana, igenekerezo rya 5 Kigarama 2022, Abayoboke b’ibidini rya Katorika muri republika iharanira intwaro rusangi ya Congo bakoze urugendo rw’amahoro mu ntumbero yo kwiyamiriza intambara mu buseruko bwa Congo , ndetse no gushigikira ingabo z’igihugu. Abari mw’iyo myiyerekano basaba ko imipaka igabura Congo n’ibihugu vy’urwanda hamwe na Ouganda yokwugarwa.
Nkuko tubikesha iradiyo Ijwi rya Amerika, Abari bitabiye iyo myiyerekano bari bafise ivyapa bivuga ko biyamirije “Urwanda rwateye igihugu cabo “, Abandi bari bafise ivyapa bivuga ko badashaka gucikamwo kwa congo mugihe abandi nabob agenda bararirimba indirimbo z’amahoro.
Mw’iyo myiyerekano kandi, Amwe mu ma paruwasi yari yayitabiriye abicishije mu nyandiko zabo ndetse n’amajambo yabo , basaba imipaka y’urwanda na Ouganda yofungwa, bagasigura ko ivyo bihugu bibiri bishigikira imihari yitwaje ibirwanisho iteza intambara muri Congo.
Umuyobozi wa Diyoseze katorika ya Uvira Musenyeri Joseph Sébastien Muyengo yashimiye abitabiriye iyo myiyerekano aho yavuze ko mu vyo basavye, bizoshikanwa kuri uyu wa mbere ku bategetsi barongoye igihugu hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu butumwa bwaryo , MONUSCO.