Kuri uyu wa mbere, nta kazi na kamwe kakozwe mu bice binini vyo mu gisagara ca Goma nkuko amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike co kimwe n’ayandi mashirahamwe bari babisavye. Hakaba hatunganijwe imyiyerekano yo kwiyamiriza umuhari M23 uriko ukora ibitero werekeza mw’ico gisagara. N’igihugu c’urwanda kikaba nacone ciyamirijwe kuba kiriko gishigikira uwo muhari. Ikindi ; abo bari mu myiyerekano basavye Perezida w’uburusiya Kuza gutabara abanye kongo hikozweko inguvu za gisirikare.
Mu ndwi twaraye dusozereye, Intambara zikomeye zihuza igisirikare ca Leta hamwe n’umuhari M23 zarabandanije ; aho M23 yigaruriye uburere bubiri bukomeye arivyo bisagara vya Rutshuru hamwe na Kiwanja. Ubu uwo muhari ukaba uriko urwana werekeza mu gisagara ca Goma ; Ubu ukaba uri hafi ku birometero mirongo ine werekeza Goma. Bitwaje ibihiri, amababi y’ibiti hamwe n’ivyapa bicafyeko Perezida w’urwanda yapfuye hamwe n’ibindi vyapa biriko Perezida w’uburusiya Vladmir Poutine Aho bamusavye kuza kubatabara akoreshe inguvu za gisirikare. Mu ndirimbo kandi baririmba bamenyesheje ko batagishaka na gato Leta Zunze ubumwe za Amerika (Umukeba w’uburusiya).
Icuka hagati y’urwanda na Congo cabandanije kiba nabi ni inyuma yaho kuri uyu wa gatandatu Perezida Tshiskedi yirukaniye uwuserukira rwanda muri Congo , Vincent Karegeya .Akaba kuri uyu wa mbere ariho yakura meza mw’ico gihugu. Abakongomani bavuga ikinyarwanda co kimwe n’abanyarwanda batuye mu buseruko bwa Congo batewe ubwoba n’amajambo aguma aca ku mbuga ngurukanabumenyi abahamagarira kubica canke bagasubira iwabo iyo baje bava mu Rwanda nkuko tuvyumva mu butumwa bwa videho na odiyo buriko buguma buca kumbuga za whatsapp, Twitter ,n’izindi ,…