Wednesday, March 29, 2023
HomeInternational newsRDC: Abanyamulenge bo muri kivu y'ubumanuko bidogera igisirikare c'uburundi n'ica Congo ko...

RDC: Abanyamulenge bo muri kivu y’ubumanuko bidogera igisirikare c’uburundi n’ica Congo ko batariko babatabara.

RDC: Abanyamulenge bo muri kivu y’ubumanuko bidogera igisirikare c’uburundi n’ica Congo ko batariko babatabara.
Imiryango y’abanyamulenge baba mu misozi miremire ihanamiye ikiyaya ca Ruzizi mu bumanuko bw’intara ya Kivu muri republika y’intwaro rusangi ya Congo baranegura ibikorwa vy’igisirikare c’uburundi gifadikanije n’igisirikare ca Congo biri muri ako karere. Mu rwandiko basohoye kuri uyu wa 9 Nyakanga 2022, urunani rwo gufatana munda rw’abanyamulenge bavuga ko batabona ico ingabo z’uburundi n’iza Leta ya Congo ziriko zirakora aho bamenyesha ko badasiba kwicwa n’ivyabo bigasahurwa n’imihari y’abarwanyi ba ba Maï-Maï Yakutumba na Maï-Maï Bilozebishambuke.

‘Ni igiki ingabo ziyunze ziriko zirafashanya mu misozi miremire yo muri kivu y’ubumanuko?’ ukwo nikwo umuryango wo gufashanya w’abanyamulenge watanguye wibaza mu rwandiko rwabo rwo kuwa 9 Nyakanga 2022 . Muri urwo rwandiko, umukuru w’umunyamuryango wogufashanya w’abanyamulenge bari i Bukavu amenyesha abanyamuryango ko ababajwe cane no kubamenyesha ko urunani rw’ingabo z’uburundi ni iza congo ataco bariko barakora kugira bateshe urunani rw’abarwanyi ba ba Maï-Maï mu bubisha bwabo bama bariko barabakorera aho bica bakongera bagasahura ivyo babonye vyose. Umukuru w’abanyamuryango w’abanyamulenge atanga akarorero k’igitero co kuwa 7Nyakanga 2022 aho abo barwanyi bishe umuntu umwe bakomeretsa abantu babiri yongera isahura inka amajana.

Kubw’uwo muryango, ngo ni ibintu bitangaje kubona ubugizi bwa nabi bukorwa n’iyo mirwi bwiyongereye incuro zibiri mugihe harungitswe ingabo za Congo n’iz’uburundi hari gutuma haboneka agahengwe maze bakaruhuka intekera ku mutwe ndetse bakaronka amahoro kuko umurimo izo ngabo zashinzwe ari ukurwanya ata nkunzi imirwi yose idurumbanya akarere kabo.

Umuryango w’abanyamulenge wibaza rero nyimba ingabo z’uburundi zoba zarungitswe kworohereza imirwi ya Maï-Maï Yakutumba na Maï-Maï Bilozebishambuke ikagirako gufasha ivyayinaniye gushikako mu myaka iheze.

Must Read