Abajejwe intwaro bo ku rwego rwo hasi bo mu gihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi bitwa aba «notables» mu rurimi rw-igifaransa na cane cane abo mu turere twa Fizi ,Uvira, Mwenga , basohoye itangazo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 26 Nzero 2022 imbere y-abamenyeshamakuru , aho biyamiriza abasirikare b-uburundi kuba barenze urubibe rw-uburundi bakinjira mw-utwo turere twabo mw-ibanga.
Mw-iryo tangazo , Izo ndongozi zimenyesha ko zirajwe ishinga n-ukuntu abasirikare b-uburundi barikumwe n-urwaruka rw-imbonerakure bavogereye mu burere batuyemwo bidaciye mu mategeko aho ndetse banakorera amabi menshi abanyagihugu bo mutwo turere. Amabi yagirizwa abo basirikare b-uburundi barikumwe ni ayajanye no kwica abanyagihugu, kwiba inka, kwiba amafaranga , guturira amazu, n-ibindi, …
Izo ndongozi zo mu burere butandukanye bwa Kivu y-amajepfo zivuga ko abasoda b-uburundi hamwe n-imbonerakure biyunze n-imirwi y-abarwanyi ikomoka muri Congo nka Gumino, Twirwaneho, Androïde, Maï-Maï Kijangala, Maï-Maï Gapapa kugire batuze umuhari RED-TABARA wiyemeje ko urwanya Leta y-uburundi . Icababaje kandi izo ndongozi, nuko abo basirikare b-uburundi barikumwe n-imbonerakure bateye mu burere ata barwanyi ba RED-TABARA batuyemwo.
Abo bitwa aba « notables» bakarangiza basaba Leta ya Congo gufata mu minwe ico kibazo kugira bakingire abanyagihugu b-aba congomani batuye mu turere twavuze hejuru