Thursday, December 1, 2022
HomeNewsRDC: Abahinga ba ONU bamenyesha ko M23 yahawe ubufasha n'urwanda na Uganda...

RDC: Abahinga ba ONU bamenyesha ko M23 yahawe ubufasha n’urwanda na Uganda kugira isubire kugira inguvu.

Abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU basanzwe biga ku gihugu ca Congo bamenyesha ko ibihugu vy’urwanda na Uganda vyagiye birafasha cane kugira umuhari M23 usubire kwiyunga maze uvyukane inguvu nyishi inyuma yo kwakwa inguvu mu mwaka wa 2013 hakoreshejwe inguvu zidasanzwe za FARDC na MONUSCO,Ico gihe M23 yari yigaruriye umuji wa Goma (mu ntara ya Kivu y’uburaruko, mu buseruko bwa Congo).Over 100 former M23 rebels intercepted in Mbarara

Kubwabo bahinga, bavuga ko kuva mu mwaka wa 2021 mu kwezi kwa Munyonyo, niho M23 yatangura kwinjiza abarwanyi bashasha mw’ikambi ya gisirikare ya Bihanga iri mu gihugu ca Uganda. Hama mu  kwezi kwa Nzero umwaka wa 2022, M23 yarabandanije yinjiza abarwanyi bashasha mu burere bwa Masisi , Rutshuru na Kitshanga ni mugihe ca Congo hamwe rero no mu gihugu c’urwanda kugira uwo muhari ukwize igitigiri gikwiye c’abarwanyi.

Abo bahinga bakongera bakamenyesha ko M23 iriko ikora ibishoboka vyose kugira yongere kwigarurira umuji wa GOMA kugira Leta ya Congo igondozwe yemere kuganira n’uwo muhari maze amasezerano ya Nairobi yo mu mwaka wa 2013 aze agira ico ashitseko.

 

Must Read