Umugambwe RANAC uvuga ko kubona ibihano vyari vyafatiwe uburundi n-ubumwe bwa buraya guhera mu mwaka w-2015 vyagumijweho,biza kwerekana ko habaye kuyaga amasigara cicaro mu biganiro uwo muryango warumazemwo imisi ugirana na Leta y-uburundi.
Mu kiganiro yagiranye n-abagenzi bacu bo kuri Radiyo RSF BONESHA FM, Aloys BARICAKO arongoye uwo mugambwe, asaba Leta y-uburundi kwongereza inguvu mu kwubahiriza agateka ka zina muntu .
Tubamenyeshe ko Umuryango w-ubumwe bwa buraya uheruka gutangaza ko ibihano wafatiye uburundi na bamwe mu bategetsi guhera mu mwaka w-2015 bigiye kubandanya gushika mu mwaka uza kuwa 31 Gitugutu 2022.