Sat. Jan 25th, 2020

Radio10 Burundi ntiyugaye nkuko benshi bavyibaza

Mw’ijoro ryo kuruyu wa gatatu igenekerezo 19 ukwezi kwa ruhuhuma niho i radio ikunzwe cane hano mu Burundi ariyo Radio10 Burundi itasubira gusamirana nkuko vyahora,abantu benshi bakaba baribajije ibibazo vyinshi aho benshi bavuga ko yoba yugawe na Reta ariko sivyo nkuko benshi bavyibaza
radio 10
Mu gatondo ko kuruyu wa kane uwusanzwe arongoye iyo radio akaba yatunganije inama ku bakozi ba radio10 Burundi aho yababwiye ko iyo radio yugawe bivanye n’ibibazo vy’ubuhinga kandi ko bagomba kwagura umuhora iyo radio ikumvikana mu Gihugu cose
radio 10
Tworangiza tubamenyesha ko iyo radio izosubira kwugurura vuba bwango