NEWS

Raba hano uko umukinyi w’umurundi yakiniye nabi mugenziwe wa Tanzania.

on

Mu mikino iriko iba ihuza Urwaruka ruri munsi y’imyaka 17( U17), Televiziyo ya Tanzania Azam TV yashize ahabona uko umukinyi w’umurundi yavyifashemwo nabi mu gukinira nabi cane umukinyi wa Tanzania, mu rukino rwarangiye Tanzania itahukanye intsuinzi ya 2 kuri 1 c’Uburundi.

Mugihe, umu kapiteni w’umurwi wa Tanzania, Abaraham Morris yageregeza gucenga mugenziwe w’umurundi, uwo mukinyi w’umurundi ntiyavyihanganiye, maze aca amutera umugere wo mu maso.

Ntivyaranguriye ngaho, uwo mukinyi w’umurundi yaciye yunyura ibintu mu guca ahonyora uwo mu kapiteni yari aryamye hasi kw’itako. Naho vyagenze uko, Tanzania ikaba yatahukanye intsinzi muri urwo rukino.

Raba hano iyo video y’uko vyagenze muri urwo rukino.

Recommended for you