NEWS

Raba hano ugushamirana hagati y’Abapolisi ku bijanye n’umutekano wa Rwasa Agathon

on

Muri video yagiye ahabona, haribonekeza ugushamirana gukaze hagati y’abapolisi bacungereye umutekano wa Agathon Rwasa hamwe n’abapolisi bo mu karere Rwasa Agathon yakoreyemwo ikoraniro ryiwe n’abanywanyi biwe.

Muri ayo masanamu yagiye ahabona, haribonekeza umupolisi avuga ko atwara akarere Rwasa Agathon yariko akoreramwo iryo koraniro ryo kwugurura ingoro y’umugambwe wiwe.

Uwo mupolisi wo muri ako karere avugwa n’abapolisi bacungeye umutekanao wa Rwasa Agathon ko ‘amaze gutwara umuntu umwe’ ko ashaka kuguma atwara abandi bantu, biboneka ko adashaka abaza kwumviriza amajambo Rwasa Agathon ariko aravuga.

Bikagaragara ko uwo mupolisi wo muri ako karere(i Buyengero)ashobora kuba ari OPG wo muri ako karere ashwana n’abacungereye umutekano wa Rwasa Agathon.

Uravye iyo video woca wibaza ko abacungereye umutekano boba nabo bamaze kwicamwo ibice.

Raba hano iyo Video yagiye ahabona:

Recommended for you