Ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya Politike ryo mu Burundi, Ligue Iteka, ryashize ahabona umugambi wo gutuza abatavuga rumwe na leta y’Uburundi.
Ligue Iteka ivuga mu rwandiko yashize ahabona ko abimirijwe gutuzwa ari abatutsi, abatavuga rumwe na leta canke ibipinga(batummva imigambi ya CNDD-FDD).
Plan du parti CNDD-FDD pour l’épurat° des Ibipinga, des Tutsi et des opposants dévoilé en province Karuzi #BurundiHR,#Burundi #HumanRights ,@fidh_fr,@CanadaauBurundi,@hrw,@DefendDefenders,@UNHumanRights,@FrontLineHRD,@FIACAT_org,@BurundiGov,@ONU_fr,@NEDemocracy,@cnddfddyouth pic.twitter.com/JVdohOghn3
— Ligue Iteka (@LigueIteka) November 26, 2019
Leta y’Uburundi ntiragira ico ivuze kuri urwo rwandiko rwa Ligue Iteka ruvuga ivyo kurangiza abo bose batavuga rumwe na leta.
Ligue Iteka ikaba ivuga gusa ko yegeranije amakuru yari yagizwe ibanga maze ibona kuyashira ahabona mu rwandiko ruriko rukwiragira ku mbuga ngurukana bumenyi.
Raba hano urwo rwandiko maze wisomere ivyo Ligue Iteka ishira ahabona: