Thursday, June 8, 2023
HomeNewsR.I.P '' Big Fizzo hamwe na Sat-B bashikiwe n'ikintu kibabaje cane,...

R.I.P ” Big Fizzo hamwe na Sat-B bashikiwe n’ikintu kibabaje cane, soma hano wunve.

fizzo sat and jack

Abaririmvyi babiri bibihangange m’umuziki w’uburundi, Big Fariouz hamwe na Sat-B bashikiwe ni kintu kibabaje cane co kubura uwahora ari umu Producer akomeye cane mu Burundi ” Dr. Jack ” , aho kugeza ubu bari m’umubabaro udasanzwe ndetse sibo bonyene ubu babaye cane ahubwo n’abarundi bose muri rusangi kuko twabuze umuntu wingirakamaro mu gihugu cacu.

Dr Jack

Amakuru adushikira hano kuri UBM News, avuga ko Uwayezu Jack abantu benshi bari bazi cane nka Dr Jack ko atagihema impwemu z ‘abazima muri kano kanya uriko urasoma ino nkuru bivuye ku mvo zitaramenyekana.

fizzo na jack

Nkuko ano makuru twaronse abandanya abivuga bo bavuga ko uno muhinyanyuzi yarakomeye cane mu Burundi ko yaramaze ikiringo c’indwi zababa zitatu arwaye , ariko ku musi w’ejo igenekerezo rya 7 munyonyo niho yashobora kwinjira ibitaro muri Prince Regent Charles agaca asandaba haheze amasaha adashika kuri 24, hakaba hatarafatwa ingingo yo kumufuba kuko hataraboneka uruhusha ruva mu rwanda mu biwabo rwo kumufuba.

jack

Nyuma yino nkuru yurupfu rwa Dr Jack , Bamwe mubaririmvyi batanguye nokugira icobashikirije kubijanye n’urwo rupfu , Sat b yagize ati :’’Mpagaze hejuru y’imva yawe wewe wagiye kare nkubwire ko naho wagiye nzokwama ndakwiyumvira iyoba bishoboka ukavyuka tukajana kw’isi ugasezera abagenzi maze ukagaruka mu bapfu … R.I.P Dr Jack.” Big FIZZO nawe ati :’’ Rest In Peace Dr.Jack …i’m gonna miss u, really!!!!” . Dr Jack agiye asize umwana umwe w’imyaka 12 yavyaranye n’umugore w’umurundikazi .

sat b na jack

UBM News twipfurije unu mu Producer iruhuko ryiza, Imana imwakire mu bwami bwayo bwo Mwijuru ” R.I.P Dr Jack

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...