NEWS

Président Nkurunziza yaruguruye inyubakwa nyinshi mu ntara avukamwo ya Ngozi

By

on

Kur’uyu wa mbere Président Nkurunziza Pierre yari mu ntara ya Ngozi ari naho abavyeyi biwe basanzwe bavuka. Akaba yaruguruye inyubakwa nyinshi n’amahinguriro. Bikaboneka ko ico gisagara ca Ngozi kigiye kuba igisagara c’ubutunzi gikomeye.

Murivyo yuguruye hakaba harimwo ihinguriro rihingura amatomati rya Koperative Dushingure Itomati, iinguriro rihingura intete z’ibigori riri mu Mivo ryafashwe mu mugongo n’ikigo co gufashanya c’Ubusuisse. Yaruguruye kandi ihoteri yiswe Winner’s Hotel, ivuriro ryiswe Monseigneur J Germain Martin rizokoreramwo ababikira Bene Mariya, akaba kandi yaruguruye imangazine niniya y’impuzu zizova mu gihugu ca Turkie.

Ivyo yabikoze inyuma yaho hahinduriwe amabanga abasirikare n’abapolisi bakuru bakuru harimwo n’uwurongoye iperereza hamwe n’umunyamabanga mukuru w’inama ijejwe umutekano.

Recommended for you