NEWS

Président Museveni ariyamiriza itahukanwa ibice bice vy’abasirikare b’abaganda muri Somalia

By

on

Nkuko yabivugiye mu kimenyeshamakuru The EAC, président Yoweli Kaguta Museveni w’igihugu ca Ouganda avuga ko ashobora gukura ingabo ziwe mu gihugu ca Somalia mugihe botahukanwa ibice bice. Ati nibagumeyo bose canke batahe bose kuko ikibazo c’abagwanyi baba El Shabab kiracakomeye mu gihugu ca Somalia. Président Museveni akagiriza Inama ya ONU ijejwe umutekano ko ifata minenegwe ikibazo c’umutekano mu gihugu ca Somalia.

Président Museveni akavuga ko hamwe ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryoguma ku ngingo yayo yo kugabanya abasirikare b’abaganda, igihugu c’Ubuganda coca gikurayo abasirikare baco bose. Président Museveni akaba yamenyesheje kw’inguvu umushikiranganji araba ivy’impunzi mw’ishirahamwe rihuza ibihugu vya Afrika bifise bifise ibiyaga binini yashizemwe abwira Ba Ki Moo yatwara ONU na Antonio Guterres atwara iryo shirahamwe muri kino gihe zabaye impfagusa.

Mwomenya ko n’igihugu c’Uburundi casabwe kugabanya abasirikire carungitse mu gihugu ca Somalia. Abasirikare 1000 barasabwe gutaha ku basirikare 5400 b’abarundi bari murico gihugu. Igihugu c’Uburundi cavuze kwivyo bintu bitumvikana kuko hatowe abarundi gusa ko kandi ikibazo c’abagwanyi bá El Shabab kikihari.

Igihugu c’Ubuganda kikaba arico cambere gifise abasirikare benshi muri Somalia bagera ku 6400, gikurikirwa n’Uburundi bufise 5400 hama Kenya, Ethiopie na Djibouti. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryafashe ingingo yayo igira 2372 yo mu 2017 yo kugabanya abasirikare barungitswe kugarukana amahoro mu gihugu ca Somalia gushika baveyo bose mu 2021 bakazosubirirwa n’abasirikare b’abasomalia.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply