NEWS

Pr. Nkurunziza agashira umukono kuri urwo rupapuro azohava yinjira mu mpimba

on

iki
Gabriel rufyiri aragabisha umukuru w’igihugu ko nka hamwe yohirahira agashira umukono ku rupapuro rwo kwegurira ikibanza cahozemwo isoko nkuru ya Bujumbura ishirahamwe vyitwa ko ari iryabashinwa ngo nta nkeka agasho arakabona naho atabimwifurije.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri yamenyesheje ko hari amakuru mashasha avuga ko uwo iryo shirahamwe rigomba kwegurirwa ico kibanza ritari iryabashinwa gusa ahubwo n’abarundi barimwo, aho agatanga akarorera k’umurundi aba mu bushinwa kandi anaserukira Uburundi muri ico gihugu. Muri ico kiganiro nyene yamenyesheje ko amakuru baheruka kuronka kandi ashobora kuba ariyo ukuri ar’uko uwo murwi ushobora kuba ukoreshwa n’akarwi gashaka gushira imitahe muri ico kibanza.

Gratient Rukindikiza we akamenyesha ko ayo mashirahamwe bivurwa ko agomba kwegurirwa ico kibanza ngo imitahe yabo aho bari muri HongKong mu Bushinwa bafise umutahe ungana na 1300 $ amahera adashikira umushahara w’umushikiranganji. Ntiyagarukiye ngaho ahubwo yanamenyesheje ko vyabonetse kuva iryo soko rigisha ko bari bazohashira ikindi kintu kuko baciye bamenyesha ko bukeye ko hazoja ama Super Market. Kubwa Rukindikiza asanzwe arongoye ikinyamakuru Burundi News ngo ivyo birerekana neza ko igikorwa co guturira iryo soko bari bagifisemwo uruhara.