Imyaka 53 irarangiye mugambwe w’Abadasigana UPRONA utahukanye intsinzi y’amatora yo mu mwaka w’1961.
Jean Claude Banyiyezako umwe mu barongoye UPRONA ishami rya Conciliya Nibigira
Ariko uwo munsi ukaba ushitse uwo mugambwe uri mu ndyane zidasanzwe. Haba mu ruhande rw’umushingamateka Karori Nditije canke mu rundi rurongowe na Concilie Nibigira bose bavuga ko uwu munsi baza kuwuhimbaza, ndetse bikavugwa ko umwe wese aza gutwara ukwiwe urugori rw’amashurwe nkuntatemwa ya Rwagasore.
Mu mugambwe UPRONA ishami rirongowe na Concilie Nibigira ari naryo ryemewe na Reta, bakavuga ko bariko barakora ibishoboka vyose kugira bagarukane Abadasigana batakiri kumwe, mu gihe mu murwi w’abashigikiye umushingamateka Nditije, bamenyesha ko ica mbere ari ugukurikiza amategeko, imanza zaciwe na sentare zigakurikizwa, abagize komite nkuru y’umugambwe bo mu mwaka w’2009 bonyene bakitorera indongozi y’umugambwe, mu gihe abari muri uyo murwi badahengeshanya gushikiriza ko umugambwe wabo uriko usamburwa n’akarwi gashigikiwe n’umugambwe CNDD-FDD.
Muri ivyo birori iyo mirwi yose ivuga ko iza gushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa y’umuganwa Rudoviko Rwagasore, bivugwa ko abari mu murwi w’ishinze kunagura uwo mugambwe baza guhurira kw’isengero yitiriwe umweranda Mikaheri, mu nkuka y’imisa. Mukamenya ko izo ndyane ziri muri uyo mugambwe w’uwarondereye intahe y’ukwikukira Uburundi, zatumye haba imirwi hagati mu bashingamateka n’abakenguzamateka bakomoka muri uyo mugambwe.
Sources : Igihe Burundi