Mu gitondo co kuri uyu wa gatandatu,Umukuru w’umugambwe Cndd-Fdd,Umushingamateka Pascal Nyabenda yagize ico ashikirije kubijanye n’ingingo ziheruka gufatwa n’abashingamteka bahurikiye mu bumwe bwa buraya.
Yamenyeshe ko Umugambwe Cndd-Fdd utakiriye neza izo ngingo,aha akaba yagarutse kubijanye n’ifumngwa rya Pierre Claver MBONIMPA,aho yashikirije ko bitanganje kubona abantu bigishije demokarasi uburundi badatahura neza ibijanye n’ugutandukanya ibisata bitatu biranga intwaro ya Demokarasi.Nkuko yabandanije abivuga muri Demokarasi, Intwaro,Ubutungane,n’inzego zishinga amategeko kimwe kimwe cose kirigenga,ntakishobora kwinjirira ikindi.Ngo ubutungane bukwiye gukora akazi kabwo.
Yashikirije amakenga yo kubona izo ngingo zishikirizwa n’ugwego ruri kure mu za buraya kandi n’amashirahamwe yo mukarere ataco arabivuga ko.Aha agatumira abagize urwo rwego kwishikira mu burundi kugira birabire,aho gukorera ku mabwire y’abantu bavuga ibinyoma.Amenyeshe ko vyinshi vyahindutse kandi ko n’Imigambwe itavuga rumwe na Cndd-Fdd itanguye kubishingira intahe. Aha akaba yagarutse nkokuvyavugwa ko imbonnerakure ziburabuza abagira amanama.
Kukibazo kijanye n’Ivya Kiriba Ondesi,bivugwa ko hoba hariho imbonerakure zimenyereza mugihugu ca Kongo Umushingamateka Pascal Nyabenda amenyesha ko biboneka ko abafashe izi ngingo bakorera kumakuru ashaje cane,akaba yagarutse kuvyashikirijwe na Reta ya Kongo,ndetse n’amatohoza yakozwe n’urwego Monusco,kubwiwe ngo ntayandi matohoza akenewe.
Kubivugwa ko uburundi bushobora gufatirwa ibihano yarangije amenyesha ko,uburundi bufise akaryo ko kwiregura no kwerekana ukuri aho kuri,na cane cane ko nk’igihugu c’ingenga ubutungane nabwo butegerezwa gukora bw’igenga.
Sources : Business Life