Imigambwe itandatu n’abakinyi ba poritike babiri bose batavuga rumwe na Reta bamenyesheje ko biyunze kugira baze bahindure inzego mu matora yo mu 2015, mu ntumbero yo gukura igihugu mu ntwaro bita iy’agahotoro n’akarenganyo gakorwa n’umugambwe uri ku butegetsi.
Mu rwandiko rwateweko umukono n’umushingamateka Karori Nditije (UPRONA), Rwasa Agathon (FNL), Umushingamateka Yohani Minani (FRODEBU Nyakuri), umwigisha Ndereya Nkundikije (Vert-Intwari), Ndorimana Benoit, Baricako Aloys (Paside-Imboneza), Haramategeko Hugo (NADDEBU), Nditabiriye Dismas (Raddes), bamenyesheje ku mugaragaro ko bagiye kwitabira amatora yo mu 2015, bahuriye ku migambi imwe yo gushayura igihugu.
Nk’uko vyashikirijwe na Rwasa Agathon avuga ko arongoye umugambwe wa FNL, urwo runani rushasha rugiye gukorana nabo bose bavyipfuza, banyotewe kubona intwaro yita “iy’agacinyizo” ya CNDD-FDD isezerewe, kugira bategurire kazoza keza urwaruka, rwo kazoza k’ejo. Aho muri urwo runani bakamenyesha ko bazonashikiriza uwuzobaserukira umwe mu matora yo ku rwego rw’umukuru w’igihugu, n’abazokwitoza mu nama nshingamateka, hamwe no mu zindi nzego z’igihugu.
Agathon Rwasa
Muri urwo runani bamenyesheje kandi ko bagiye gushira ahabona mu maguru masha imigabo n’imigambi bahuriyeko, iyo nayo ikazoba ifise intumbero yo kwubaka Uburundi burungwa n’amahoro, ubumwe n’iteka. Bahamagarira abari mu migambwe iyariyo yose, yaba abari mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, canke abari muri CNDD-FDD, ko bokwiyunga kugira bakure igihugu “mu ntwaro y’agahotoro n’akarenganyo”.
SRC: Igihe