NEWS

Pierre Nkurunziza Yiyamirije Ibikorwa Vyo Kugurisha Abantu Muri Libiya,Ishirahamwe Ry’Ubumwe Bwa Afrika Naryo Rikaba Ryamenyesheje Aho Rihagaze.

on

Umukuru w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat, yakiranye umubabaro amakuru yerekeye abantu b’abimukira bagurishwa icamunara mu gihugu ca Libiya nk’abashumba, niko Ishirahamwe ry’Ubumwe Bwa Afrika ryamenyesheje mu ndwi turaye turangije.

Moussa Faki Mahamat ‘ariyamiriza yivuye inyuma ivyo bikorwa vy’agasuzuguro bitajanye n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu’. Umukuru w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika akaba yahamagariye abakora ibikorwa vyo kugurisha abantu bwa bashumba kubihagarika vuba bwango, hamwe nuko abagirizwa kubikora borengutswa mu butungane.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi nawe Pierre Nkurunziza, mu butumwa bwiwe bwo kuri Twitter, yiyamirije yivuye inyuma ivyo bikorwa vyo kugurisha abantu aho yamenyesheje ko ivyo bitumwa n’ ‘ingingo zifatwa n’ibihugu vya buraya na Amerika abandi batagishijwe inama hamwe no gusuzugura ingingo zifatwa n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika’.

Ubutegetsi bwa Libiya bwagirizwa ayo mabi, bukaba bwamenyesheje ko bugiye gutanguza amatohoza vuba bwango.

Recommended for you