NEWS

Pierre Nkurunziza Yamirira Kure Ibirego Vy’Uko Ubushinwa Busuma Urusaku.

on

Mu misi iheze haraciye ikinyamakuru Le Monde Afrique catangaje ko Igihugu c’Ubushinwa gisuma urusaku ku nyubakwa z’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika( Espionnage), kimenyesha ko Ubushinwa bwafashije mu kwubaka inyubakwa Ubumwe bwa Afrika Bukoreramwo iri muri Etiyopiya, hama ico gihugu c’Ubushinwa ngo kikaba cashize muri iyo nyubakwa utwuma dutuma Ubushinwa bumenya amabanga yose akorerwa muri Iyo nyubakwa.

Mu kiganiro Pierre Nkurunziza yagiranye n’ikinyamakuru c’ubushinwa, Xinhua Online, yaramiriye kure ivyo Ubushinwa bwagirizwa, maze amenyesha ko ari ugushaka gucafuza Ubushinwa. Ariko rero abandi nyabuna bakibaza ko inyubakwa Ubushinwa buriko bwukabira Uburundi, ariyo Nyubakwa umukuru w’igihugu azokoreramwo, ko izoba ifise umutekano, na rirya yubatswe n’Igihugu c’ubushinwa cagirizwa ivyo vyo gusuma urusaku ku nyubakwa ico gihugu cubatse.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yamenyesheje ko inkuru yatangajwe ko igihugu c’Ubushinwa gisuma urusaku ari ‘poropagande y’ibinyamakuru vya Buraya na Amerika yo gutandukanya Ubushinwa na Afrika’. Mbere n’umutegetsi akomeye mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki, yariyamirije ivyo vyagiriji ku gihugu c’Ubushhinwa, amenyesha ko ata bimenyetso na bimwe vyerekana ko Ubushinwa busuma urusaku.

Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yabimenyesheje igihe kandi yariko amenyesha ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubushinwa ari myiza cane, ko mbere igiye gukomezwa mu bijanye no guhana hana ibidandazwa. Naho biri uko, uko biri kwose ikinyamakuru catangaje iyo nkuru ko Ubushinwa busuma urusaku kizogira igihe gisigure neza iyo ivyemeza biva ko Ubushinwa bwoba busuma urusaku mu bindi bihugu.

Recommended for you