NEWS

Pierre Nkurunziza ‘Ntazokwitoza Mu 2020’.

on

Prezida Pierre Nkurunziza nyuma yo gushira umukono kw’ibwirizwa shingiro rishasha, yatangaje ko atazokwitoza mu 2020

Mu makuru dukesha BBC, Umukuru w’igihugu c’u Burundi, Pierre Nkurunziza, mu muhango wo gushira umukono kw’ibwirizwa shingiro rishasha, amenyesheje ko atazokwitoza mu matora yo mu 2020.

https://twitter.com/Ikiriho/status/1004684635148881920

Benshi mu batavuga rumwe na Prezida Nkurunziza bavuga ko ibwirizwa shingiro ryahinduwe kugira azoshobora kuguma ku butegetsi gushika mu 2034.

Hari mbere n’abavuga ko intumbero ari ukwigira umwami mushasha w’u Burundi.

https://twitter.com/Ikiriho/status/1004686867843993600

Ariko ibi ntivyatangaje abamwegereye, kuko bobo bamye bavuga ko ibwirizwa shingiro ritahinduriwe Prezida Nkurunziza. N’inkuru ibandanya itohozwa neza…

Recommended for you