NEWS

Pierre Nkurunziza Aragabisha ‘Ibihemu’ Mu Mugambwe Wiwe.

on

Ejo ku musi wa gatandatu, umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD warasozereye indwi yahariwe umurwanyi. Ibirori vyo kurangiza uwo musi vyabereye mu ntara ya Cibitoki. Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yaragararutse ku bashatse gutembahgaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015, yongera agabisha abo yise ‘ibihemu’biri mu mugambwe wiwe.

Pierre Nkurunziza yamenyesheje ati : « Hari bamwe mu bashatse gutembagaza ubutegetsi banyandikiye bansaba ikigongwe bambwira ko bahenzwe. Iyumvire namwe umu General ahendwa, gute none ku w’umuyoboka ? ». Ku bw’umukuru w’igihugu, umugambwe CNDD-FDD utegerezwa kwirinda ivyashitse mu 2015 ntibisubire kuba.

Ku bijanye n’Abagumyabanga bashobora kuba ibihemu, Pierre Nkurunziza yaratanze ingabisho ikomeye. « Mu bagumyamabanga, ndamaze kubona ko hamaze kubonekamwo intumva. Si vyiza ko bodutesha umwanya..inyuma yo kugabishwa 2 canke 3 bakanka ni kubirukana mu mugambwe », niko Nkurunziza yamenyesheje.

Uyo musi wahariwe umurwanyi wama wahimbajwe na CNDD-FDD buri mwaka. Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye, yarasiguye ko ari akaryo ko kwibuka abo we avuga ko ari « intwari zarwaniye Demokrasi mu Burundi ».

Muri uyo musi, haribukwa abagwanyi ba CNDD-FDD bahitanywe n’urugamba kuva mu 1993. Ndayishimiye kandi yaragarutse kw’ijambo ‘ibihemu’ avuga ku bantu bahoranye mw’ishamba ariko baguma bashaka ko Uburundi busubira inyuma.

Muri ivyo birori, vyari vyitabwe n’abategetsi batandukanye, harimwo abashikiranganji, Umuhuza w’abarundi hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, nkuwa Uganda, Kenya na Republika iharanira Demokrasi ya kongo.

Recommended for you