NEWS

Petero Nkurunziza Yaraye atanze ‘Iyindi’ Ntererano y’amatora.

on

Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Pierre Nkurunziza, yaraye atanze iyindi ntererano y’amafaranga ku bw’amatora, ingana n’imiliyoni zine z’amarundfi( nk’amadolari 2000 USD).

Inyuma yo gutanaga ayo mafaranga muri banki nkuru aho hari compte y’intererano y’amafaranga y’amatora,, Nkurunziza yamenyesheje ko ahejeje kurangura ‘igikorwa co gukunda igihugu’ mu guterera amatora ya 2020.

Akaba yari amaze gutanaga intererano y’amatora muri Myandaharo 2017 y’imiliyoni 5 mu mafaranga y’Amarundi. Amaze gutanaga ‘iyo yindi ntererano’ ya kabiri, yavuze ko yabikoze kubera ko ‘umwimbu w’ibirimwa vy’umuryango wiwe vyagenze neza uyu mwaka’, ku bwa Xinhua Online.

Haratakaye umwanya mwinshi gose turiko dusaba imfashanyo yo gukora amatora, abayitanga nabo rimwe na rimwe bakaba bashiraho ibisabwa binaka vyo gukurikiza kugira uyironke…uravye uko amatora ya 2015 yagenze, biragaragara ko abarundi nyene bashobora kwikorera amatora ubwabo nyene, niko Nkurunziza yamenyesheje.

Abarundi bashika ku miliyoni 5 baritezwe kwitabira amatora inyuma yo kwiyandikisha, nk’uko umugwi ujejwe gutunganya amatora CENI ubishira ahabona

Recommended for you