NEWS

Petero Nkurunziza na Paul Kagame baritezwe guhurira i Bukavu muri Kongo

on

Inkuru iriko ikwiragizwa hirya no hino ni ihura ridasanzwe ku bagabo babiri basanzwe batarabana ryiza aribo Petero Nkurunziza na Paul Kagame. Nkurunziza w’Uburundi na Kagame guhura vyoba ari imbonekarimwe nk’uko abihweza ibintu babivuga.

Isoko ry’iyi nkutu rikamanyesha ko i Bukavu muri Repubkika iharanira Demokrasi ya Kongo ku bwo kwugurura inzu yo gukoreramwo ubushakashatsi bw’uburimyi(laboratoire agricole ya ‘Institut International pour l’Agriculture Tropicale (IITA)’ ejo ku musi wa kabiri itariki 8 Gitugutu 2019.

Abitezwe muri ivyo birori vyo kwugurura iyo laboratoire agricole ni uwahoze atwara Igihugu ca Kongo, Kinshassa, Joseph kabila hamwe n’uwutwara ico gihugu ariwe Felix Tshisekedi ariwe azohagararira ivyo birori.

Iyo laboratoire ikaba ihingura ibifasha cane mu burimyi muri Afrika yo mu buseruko no muri Afrika yo hagati.

Bikaba bizoba ariya mbere aho Felix Tshisekedi na Joseph Kabila babonana imbonankubonae inyuma yo kubisikanya ku butegetsi mu kwezi kwa mbere uyu mwaka.

Ikitaremezwa neza ni ukuva mu Burundi kwa Petero Nkurunziza aja hanze y’igihugu kubera ko kuva mu mwaka wa 2015 Petero Nkurunziza adakunze kuja hanze y’igihugu inyuma y’ibvyashitse mu mwaka wa 2015.

Recommended for you