NEWS

Petero Nkurunziza avuga ko azosubira kwitoza mu 2020 niyo abarundi babimusaba.

on

INYISHU NKORAMUTIMA ZATANZWE NA NKURUNZIZA MU KIGANIRO yatanze MU NTARA YA RUTANA! 30/12/2016

1.IBIRINGO: NKURUNZIZA ati:”Ku bijanye n’ibiringo,nari naravuze ko ntazitoza mu matora y’umwaka wa 2020,kuko nzoba kwijije ibiringo 2 ndekuriwe n’amategeko,yamara ABARUNDI babinsavye ,ntakizombuza kwitoza n’ukubarongora!”

2.AMISOM: NKURUNZIZA ati:”Niyo hagera mu kwezi kwa mbere mu mwaka uza wa 2017,ingabo zacu zitararonswa agashahara kazo, Tuzoca dufata ingingo yo kuzitahukana!”

3.INDENGE : NKURUNZIZA ati:”Indege y’umukuru w’igihugu ikomera idakomera ntaco bivuze,kuko ubuzima bwanje buri mu biganza vy’Imana!”

4.KW_ITEMBAGAZWA_RY_UBUTEGETSI : NKURUNZIZA ati:”Iyo mba ndi mu gihugu igenekerezo rya 13/05/2015,hatembagazwa ubutegetsi,nariguca ngandagurwa!”

5.IMIBANO: NKURUNZIZA ati:”Niyo Urwanda rutadusaba ikigongwe nk’abarundi,Ku nyifato mbi rwatweretse muri iyi myaka 2(2015-2016),tuzorushengeza imbere y’UBUTUNGANE MPUZAMAKUNGU!”

Recommended for you