NEWS

Petero Karaveri MBONIMPA asaba umuco ku madosiye y’abarundi bakuwe muri Kongo

on

Petero Karaveri MBONIMPA arongoye ishirahamwe rikingira agateka k’abanyororo APRODH asaba ko hoba umuco muri dosiye z’abarundi bakuwe mu gihugu ca Republika iharanira intwaro Rusangi ya Kongo.

Petero Karaveri MBONIMPA avuga ko ashigikiye itahukanwa mu gihugu iyo umuntu abishatse,ariko ko iyo bikozwe ku nguvu haba hahonyanzwe amategeko mpuzamakungu akingira ikiremwa muntu.

Uwo mukuru wa APRODH amenyesha ko, bafise amakuru avuga ko abo barundi bose,bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba,ivyo navyo bikaba bitandukanye n’ivyo umushikiranganji w’ubutungane yashikirije avuga ko bazoshikira mu bigo bitanga inyigisho zo gukundisha igihugu.

Petero Karaveri MBONIMPA amenyesha ko hari igipfungu cinshi muri iyo dosiye,akavuga ko biteye amakenga,kuba hatabonetse akanya gakwiye ko gukora dosiye y’umwe umwe muri abo barundi bakuwe mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply