NEWS

Petero Buyoya yagize ico avuga ku mutahe yasohorewe wo kumufata.

on

Inyuma y’aho Leta y’i Bujumbura ifatiye ingingo yo gusohora imitahe mpuzamakungu yo guahagarika abagirizwa kugandagura incugu ya demokrasi mu Burundi, harimwo uwajoze atwara Uburundi, Petero Buyoya(wo mu bwoko bw’abatutsi), major Petero Buyoya yagize ico avuga kuri uwo mutahe yasohorerwe.

Mu rwandiko rwashizwe ahabona na Petro Buyoya ejo ku wa 2 Kigarama 2018, uwo yahoze atwara Uburundi amenyesha ko yakiranye ‘ugutangara cane uwo mutahe wo ku mufata, kandi ko bigamije kugira ico bigize kuri we nyene ubwiwe’.

Petero Buyoya akaba yamenyesheje ko ‘Leta y’Uburundi kuvyura iyo dosiye y’abagandaguye Ndadaye ari nko gusamaza amakungu kubera ko ishaka kwerekana ko mu Burundi ata kibazo kihari kandi kuva mu 2015 ati ibibazo gusa’, niko amenyesha.

Buyoya aramenyesha kandi ko Ubutungane bw’Uburundi bworaba bukigarukira kugira ‘ntibukoreshwe ukutarikwo’ muri iyo dossiye y’abagandaguye Ndadaye Melchior.

Buyoya kandi akamenyesha ko Leta y’Uburundi yokwitunira ku gutorera inyishu ibibazo vyavyuwe kuva mu mwaka wa 2015, aho ahamagarira leta y’Uburundi kuja mu biganiro bidakumira kugira indyane zavyutse zihere’.

Muri make, Major Petero Buyoya aza atemeranya n’ingo ya leta y’i Bujumbura yafashe yo kumusohorera umutahe.

Raba urwandiko yasohoye:

Recommended for you