Thursday, December 1, 2022
HomeInternational newsPerezida wa Ukraine yasinye itegeko rivuga ko kuganira na Perezida w'uburusiya bitagikunda.

Perezida wa Ukraine yasinye itegeko rivuga ko kuganira na Perezida w’uburusiya bitagikunda.

Umukuru w’igihugu ca Ukraine Volodymyr zelensky yarasinye itegeko kuri uyu wa kabiri rivuga ko kuganira na Perezida w’uburusiya Vladmir Putin bitagikunda, inyuma yaho uburusiya bwigaruriye intara zine za ukraine.

Nkuko tubikesha iradiyo ijwi rya Amerika, Umuvugizi wa perezida w’uburusiya Dmitry Peskov , nawe akaba yabwiye abamenyeshamakuru ko uburusiya bukirindiriye gushika aho perezida Zelensky azohindurira ivyiyumviro canke kugeza ukraine ironse uwundi mukuru w’igihugu mushasha.

Naho biri uko, Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika vyatangaje ko Perezida Joe Biden yemereye mugenzi we wa Ukraine Zelensky mu kiganiro bagiraniye kuri terefone ko amerika itazigera yemera kuba uburusiya bwarigaruriye intara zine za Ukraine. Perezida Biden akaba yavuze kandi ko Amerika yiteguriye gufatira ibihano ruhasha abantu , amashirahamwe canke igihugu , vyagize uruhara mu gushigikira ukwo kwigarurira ubutaka bwa Ukraine.

Must Read