Umukuru w’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo , Antoine Félix Tshisekedi avuga ko aje kwiga no kwirabira uko uburimyi butunganijwe mu gihugu c’uburundi. Tshisekedi akongera akavuga kandi ko aje no kuraba uko ivy’igisirikare c’uburundi bitunganije . Umukuru w’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi yabitangaje ku mugoroba wo kuri uyu wa gatandatu inyuma y’umubonano yarahejeje kugiriranira na mugenzi we w’uburundi Perezida Varisito Ndayishimiye.
Mw’urwo rugendo, Bikaba bitegekanijwe ko Perezida Tshisekedi azogendera no mu ntara zimwe zimwe zigize igihugu c’uburundi mu ntumbero yo kugira yirabire ingene umwimbu mu vy’uburimyi uriko urarwizwa.
Naho bitavugiwe ku mugaragaro, Amakuru adushikira yo kwizera nuko uwo arongoye igihugu kibanyi ca Kongo yoba aje kuvugana mu maso muyandi na mugenzi we w’uburundi kubiheruka gufundikirwa mu gisagara ca Nairobi muri Kenya ku kuntu borwaniriza hamwe imihari irwanira mu buseruko bw’ico gihugu harimwo iy’abarundi nka RED-TABARA na FNL ya Aloys Nzabampema.