Friday, December 2, 2022
HomeUmutekanoPerezida Ndayishimiye yavuganye kw’iterefone n’abagenzi we ba EAC ku mutekano muke uri...

Perezida Ndayishimiye yavuganye kw’iterefone n’abagenzi we ba EAC ku mutekano muke uri muri Congo.

Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye asanzwe iki gihe ari nawe arongoye umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko , yakoranye ibiganiro kuri terefone n’abagenzi we barongoye ibihugu bigize uwo muryango, mu ntumbero yo kuraba ingene ikibazo c’umutekano muke muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo cotorerwa umuti.

Nkuko tubisoma mw’itangazo ryasohowe n’ibiro vya perezida w’uburundi kuri uyu wa kabiri, Abakuru b’ibisirikare vy’ibihugu biri muri EAC , vuba bagiye guhurira mu nama kugira bige ku kibazo c’umutekano muke uri muri Congo.
Iryo tangazo ritomora ko inyuma y’inama y’abatwara ibisirikare vya EAC , Abarongoye ibihugu bigize uwo muryango bapfunditseko nabo bazoca bakorana mu nama idasanzwe yiga ku kibazo ca Congo. Akaba ata musi watanzwe nyezina iyo nama izobera.

Tubamenyeshe Perezida Ndayishimiye arongoye EAC iki gihe agiranye ikiganiro n’abagenzi we ba EAC ku kibazo ca Congo inyuma yahoo umuhari M23 ukomereje imirwano hagati y’igisirikare ca Leta hamwe n’uwo muhari, biwutuma wigarurira uburere bwinshi harimwo n’uko uriko werekeza mu gisagara ca Goma. Leta ya Congo yagiriza igihugu c’urwanda kuba kiriko gishigikira umuhari M23 nayo Urwanda narwo rukabihakana rwivuye inyuma ahubwo narwo rukagiriza Leta ya Congo kuba iriko ikoresha umuhari FDLR mu gushaka guhungabanya umutekano mu Rwanda, ivyo na Leta ya Congo yagiye yamirira kure ko ikorana n’uwo muhari wagirizwa gukora ihonyabwoko ry’abatutsi mu Rwanda mu mwaka wa 1994.

Must Read

Perezida Kagame yagiriza Tshisekedi kwitwaza intambara ya M23 kugira yunguruze amatora...

0
Umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yagiriza mugenzi we w’igihugu ca Congo, Felix Tshisekedi ko yoba afise imigambi yo kwitwaza ibibazo vy’umutekano muke urangwa mu...