Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye yategetse kuri uyu w’Imana igihe hariko haba ikoraniro risanzwe ry’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Gitega ko ururimi rw’ikirundi rugiye kuza rukoreshwa mu mirimo yose ya Leta ndetse no mu nyandiko z’ivyegeranyo vy’amanama .
Perezida Ndayishimiye yavuze ko nk’ururimi rw’igihugu, Ikirundi kigomba kuba ururimi rw’akazi mu nzego za Leta nko mu Manama , ku buryo ¨raporo n’izindi nyandiko bizoza bikorwa mu Kirundi¨
Umukuru w’igihugu c’uburundi yamenyesheje ko wasanga raporo nyishi ndetse n’inyandiko za Leta zandikwa mu Burundi. Uwo arongoye uburundi yaciye atangaza ko ibintu bihinduka kuko urwo rurimi arirwo ruhuriweko n’abanyagihugu bose mu Burundi.