Tuesday, February 7, 2023
HomeInternational newsPerezida Ndayishimiye yakoranye inama abagize EAC bari mu misiri ku kibazo c’umutekano...

Perezida Ndayishimiye yakoranye inama abagize EAC bari mu misiri ku kibazo c’umutekano muke uri Congo.

Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye akaba ari nawe arongoye umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC yaraye akoze inama mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere yahuje abategetsi b’akarere ka EAC bari mu gihugu ca Misiri, kugira bige ku kibazo c’umutekano muke uri mu buseruko bwa Congo.

Nkuko tubikesha iradiyo y’abongereza BBC, Iyo nama ikaba yahuriwemwo Abakuru b’ibihugu ba EAC nka Perezida Samia Suluhu wa Tanzaniya, Paul Kagame w’urwanda, William Ruto wa Kenya, Sama Lukonde ,umushikiranganji wa mbere wa Congo hamwe na bamwe mu bashinzwe ivy’imigenderanire n’ayandi makungu muri uwo muryango. Ariko ibihugu nka Uganda na Sudani y’epfo, EAC ivuga ko bitabonetsemwo mw’iyo nama.
Abo bategetsi bari mu misiri mu nama ya COP27 , bakaba baganiriye ku kibazo c’umutekano c’umutekano muke uri mu buseruko bwa Congo nkuko ibiro vy’umukuru w’igihugu c’uburundi bibivuga.

Tubamenyeshe ko Umwuka mubi uri hagati y’urwanda na Congo ukomeje kubandanya umera nabi nubwo hakomeje ibikorwa vyo gushaka ukwo uwo mubano mubi worangira biciye mu nzira y’ibiganiro. Leta ya Congo ikaba ikomeza kwagiriza Igihugu c’urwanda ko arico kiriko gishigikira umuhari M23 umaze imisi wigaruriye uburere butari buke bwo muri Teritware ya Rutshuru mu ntara ya Kivu y’uburaruko, ni mugihe Urwanda narwo rwagiriza Congo kuba ikorana n’umuhari FDLR mu guhungabanya umutekano mu gihugu c’urwanda. Ejo hahise kuwa mbere, Leta y’urwanda yatangaje ko indege y’intambara yo mu gihugu ca Congo yo mu bwoko bwa Sukhoi-25 yavogereye ikirere cayo kuri uyu wa kabiri mu masaha yo mu gatondo, Ndetse ikaba yaguye mu mwanya muto mu kibuga c’indege ca Rubavu , ni mu ntara y’uburengerazuba, Ivyo Urwanda rwabonye ko ari ubushotoranyi bwakorewe na Leta ya Congo.

Must Read