Wednesday, March 29, 2023
HomePoliticsPerezida Ndayishimiye avugako atagishoboye kurongora igihugu kitarimwo ubutungane.

Perezida Ndayishimiye avugako atagishoboye kurongora igihugu kitarimwo ubutungane.

Mu nama  yagiranye n-abagize urwego rw-ubutungane kuri uyu wa kabiri , Umukuru w-igihugu c-uburundi  Varisito Ndayishimiye avuga ko amarira y-abarundi hamwe na y-abanyamahanga bagendera uburundi atumwa ahanini n-uko ata butungane buri mu gihugu arongoye.May be an image of 1 person and standing

Ni akababaro kenshi, VarisitoNdayishimiye ati :ˮ Abantu baratuntuye ,amarira yabo yaranshikiye , ndavuga nti , reka mbanze  ngende ndirire imbere yabo , niyo nasanga ari barubura kigongwe , nzoca mpeba. Aha nta kigongwe munyumvira ndiko ndaririra imbere yanyu munyita  ngo ndi se barundi ? Mwiyumvire, aho mponyora hose, ku musi nakira ibirego birenga igihumbi. Kandi ngasanga ntibarira busema. Reka basin dire  mu kibanza cabo kuko mwe ntimwahora  mubabona.  Nta Assemblée générale  y-abarundi  imiriyoni 12 muzobona mugabo bariwe n-abantu  badashika n-ibihumbi cumi . kw-izina ry-abenegihugu  ndiko ndarira. Bantoye   ngo ndabaserukire. Abanyamahanga bafise imitahe yabo ntibakiza  mu Burundi muca muja inama ingene murya amahera yabo ntaho baburana. Muja inama  ngo nazane  arya mahera  tubereke ingene duca tuyamuzuruma  ntazoronka aho aburana. Nta munyamahanga  akizana imitahe mu Burundi muga mushaka iterambere, bose barahevye  kuza.  Mugabo muri mu manama  ngo ni muze  murabwira  abanyamahanga bazane imitahe  yabo mu Burundi  kandi muca  muyabiba. Ahantu hatagira ubutungane  hoza  umunyamahanga gute?  Kuzana umutahe wiwe yibwe ntihagire  uwumuburanira?  Umurundi kugira akore projet ntiyemera  agira ati  ndaziko baca bayanyiba  Kandi ntawuntunganiriza , none iki gihugu kizotera gute  imbere? Muzoronka  imiduga gute? Muzoronka  sentare  mukoreramwo gute ?

Abarundi batari bake twaganiye bamenyesha ko ayo majambo yashikirijwe na Perezida Varisito Ndayishimiye ari meza cane kuko yavuze ibimaze igihe biboneka  mu gihugu. Ko rero, igisigaye ari ukwo Umukuru w-igihugu  yova mu majambo agashira mu bikorwa kanatsinda ngo niwe nimero ya mbere mu bucamanza. Ico ashatse ko kiba coba, ico adashatse naho ntikibe.

Must Read