Mu nama yagiranye n-abagize urwego rw-ubutungane kuri uyu wa kabiri , Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye avuga ko amarira y-abarundi hamwe na y-abanyamahanga bagendera uburundi atumwa ahanini n-uko ata butungane buri mu gihugu arongoye.
Ni akababaro kenshi, VarisitoNdayishimiye ati :ˮ Abantu baratuntuye ,amarira yabo yaranshikiye , ndavuga nti , reka mbanze ngende ndirire imbere yabo , niyo nasanga ari barubura kigongwe , nzoca mpeba. Aha nta kigongwe munyumvira ndiko ndaririra imbere yanyu munyita ngo ndi se barundi ? Mwiyumvire, aho mponyora hose, ku musi nakira ibirego birenga igihumbi. Kandi ngasanga ntibarira busema. Reka basin dire mu kibanza cabo kuko mwe ntimwahora mubabona. Nta Assemblée générale y-abarundi imiriyoni 12 muzobona mugabo bariwe n-abantu badashika n-ibihumbi cumi . kw-izina ry-abenegihugu ndiko ndarira. Bantoye ngo ndabaserukire. Abanyamahanga bafise imitahe yabo ntibakiza mu Burundi muca muja inama ingene murya amahera yabo ntaho baburana. Muja inama ngo nazane arya mahera tubereke ingene duca tuyamuzuruma ntazoronka aho aburana. Nta munyamahanga akizana imitahe mu Burundi muga mushaka iterambere, bose barahevye kuza. Mugabo muri mu manama ngo ni muze murabwira abanyamahanga bazane imitahe yabo mu Burundi kandi muca muyabiba. Ahantu hatagira ubutungane hoza umunyamahanga gute? Kuzana umutahe wiwe yibwe ntihagire uwumuburanira? Umurundi kugira akore projet ntiyemera agira ati ndaziko baca bayanyiba Kandi ntawuntunganiriza , none iki gihugu kizotera gute imbere? Muzoronka imiduga gute? Muzoronka sentare mukoreramwo gute ?
Abarundi batari bake twaganiye bamenyesha ko ayo majambo yashikirijwe na Perezida Varisito Ndayishimiye ari meza cane kuko yavuze ibimaze igihe biboneka mu gihugu. Ko rero, igisigaye ari ukwo Umukuru w-igihugu yova mu majambo agashira mu bikorwa kanatsinda ngo niwe nimero ya mbere mu bucamanza. Ico ashatse ko kiba coba, ico adashatse naho ntikibe.