Umukuru w’igihugu c’uburundi amenyesha ko imfashanyo zitangwa n’amashirahamwe mpuzamakungu co kimwe n’ibihugu rutura kw’isi atarigera abona ico zifasha igihugu c’uburundi. Kubwiwe ngo iyaba izo mfashanyo ziba zije gufasha uburundi, igihugu arongoye iki gihe kiba gisigaye ari igihugu ca rutura mu gutera imbere. Perezida Ndayishimiye yabitangaje kuri uyu wa gatanu igihe hariko hahimbazwa imyaka 60 ihaciye uburundi buronse intahe yo kwikukira.
Mu majambo yiwe, Perezida Varisito Ndayishimiye yabitangaje uku :«Twaraharuye amafaranga yaba aya Banque mondiale, yaba aya union Européenne, yaba ay’ibindi bihugu vya rutura, imfashanyo zose baduhaye ngo nizoguteza imbere uburundi, twararondeye ico zakoze twarakibuze. Turazunguruka turaraba dusanga ico kintu bita ngo ni ibihugu bije kuguteza imbere sivyo, kuko iyaba vyarivyo ndavye amahera amaze guherera mu Burundi , igihugu c’uburundi kiba gisigaye ari igihugu ca rutura»
Umukuru w’igihugu c’uburundi akavuga ko ubu badakeneye ababafasha ahubwo bakeneye abo bafatana mu nda ngo kuko barashoboye. Perezida Varisito Ndayishimiye agahamagarira ishirahamwe mpuzamakungu ONU gushigikira uburundi mu rugamba rwo guteza imbere igihugu no gusubiza hamwe kw’abarundi.